27 Nuko Dawidi arahaguruka, we n’abantu biwe bica+ mu Bafilisitiya abagabo amajana abiri, hanyuma Dawidi azana udushato+ twabo araheza aduha umwami ari igitigiri gikwiye, kugira ngo yunge n’umwami ubucuti bw’ukwabirana. Sauli rero amuha Mikali umukobwa wiwe ngo amubere umugore+.