Gusubira mu vyagezwe 15:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+. Imigani 3:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Ntureke kugirira iciza abagikwiriye+ kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora+. Luka 11:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Yamara rero, bwa mfashanyo y’umworo*+ nimutange ibiri imbere, kandi n’ibindi bintu vyose bizoba bihumanuwe ku biberekeye. Ivyakozwe 20:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Naraberetse muri vyose yuko mu kubira akuya gutyo+ ari ho mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya+, kandi ko mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare+ kuruta guhabwa.’” Abaheburayo 13:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Vyongeye, ntimwibagire gukora iciza+ be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose+.
7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+.
41 Yamara rero, bwa mfashanyo y’umworo*+ nimutange ibiri imbere, kandi n’ibindi bintu vyose bizoba bihumanuwe ku biberekeye.
35 Naraberetse muri vyose yuko mu kubira akuya gutyo+ ari ho mutegerezwa gusahiriza abagoyagoya+, kandi ko mutegerezwa kwibuka ya majambo y’Umukama Yezu, igihe we ubwiwe yavuga ati: ‘Gutanga birimwo agahimbare+ kuruta guhabwa.’”
16 Vyongeye, ntimwibagire gukora iciza+ be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose+.