21 Amaherezo Dawidi ashika kuri ba bagabo amajana abiri+ bari barushe ku buryo badashobora kujana na Dawidi, bakaguma bicaye iruhande y’umwonga wa Besori; bano basohoka gusanganira Dawidi no gusanganira abantu bari kumwe na we. Dawidi ashikiriye abo bantu, atangura kubabaza uko bamerewe.