ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ariko Farawo na we ahamagara inkerebutsi n’abapfumu+; abaherezi b’abanyamageza bo mu Misiri na bo nyene bagira nk’ivyo nyene, bakoresheje amageza yabo+.

  • Abalewi 19:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 “‘Ntimuze mwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+, kandi ntimuze musiguze abagize umwuga ukubura ibizoba+, ngo muhumanywe na bo. Ndi Yehova Imana yanyu.

  • Gusubira mu vyagezwe 18:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Kuko uwukora ivyo bintu wese ari ikintu giteye ishishi kuri Yehova, kandi ivyo bintu biteye ishishi akaba ari vyo bitumye Yehova Imana yawe abirukana bakava imbere yawe+.

  • Yesaya 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko wahevye abantu bawe, inzu ya Yakobo+. Kuko basigaye buzuye ibiva mu Buseruko+, bakaba ari abanyamageza+ nk’Abafilisitiya, kandi bagwije abana b’abanyamahanga+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika