1 Samweli 28:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Naho Sauli yasiguza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura+, vyaba biciye mu ndoto+ canke kuri Urimu+ canke ku bahanuzi+. Zaburi 66:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nimba mu mutima wanje naritegereje ikibi na kimwe,Yehova ntazonyumva+. Yesaya 1:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+. Ezekiyeli 20:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’
6 Naho Sauli yasiguza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura+, vyaba biciye mu ndoto+ canke kuri Urimu+ canke ku bahanuzi+.
15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+.
3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’