Kuvayo 19:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Genda ku bantu, ubeze uno musi n’ejo, na bo bategerezwa kumesa imitamana yabo+. Abalewi 11:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 Kuko ndi Yehova Imana yanyu+; kandi mutegerezwa kwiyeza, kandi mutegerezwa kuba beranda+, kuko jewe ndi mweranda+. Ntimuze mwihumanishe ibiremwa bigwirirana na bimwe bigendagenda kw’isi. Abalewi 20:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “‘Kandi mutegerezwa kwiyeza no kwerekana ko muri beranda+, kuko ndi Yehova Imana yanyu.
10 Yehova yongera kubwira Musa ati: “Genda ku bantu, ubeze uno musi n’ejo, na bo bategerezwa kumesa imitamana yabo+.
44 Kuko ndi Yehova Imana yanyu+; kandi mutegerezwa kwiyeza, kandi mutegerezwa kuba beranda+, kuko jewe ndi mweranda+. Ntimuze mwihumanishe ibiremwa bigwirirana na bimwe bigendagenda kw’isi.