46 Uyu musi Yehova aragutanga mu kuboko kwanje+, nanje ndakwica ata kabuza, ndagukureko umutwe; kandi imivyimba y’ikambi y’Abafilisitiya uyu musi ndayiha koko ibiguruka vyo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi+; kandi abantu bo kw’isi yose bazomenya yuko hariho Imana ya Isirayeli+.