25 Nuko abagabo ba Isirayeli batangura kuvuga bati: “Mwabonye urya mugabo ariko araduga? Kuko aduganywe no gucokora+ Isirayeli. Umugabo azomwica, umwami azomutungisha ubutunzi bwinshi, kandi azomuha umukobwa wiwe bwite+, kandi inzu ya se azoyiha umwidegemvyo muri Isirayeli+.”