2 Samweli 7:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nzobana nawe aho uzoja hose+, kandi nzorandura abansi bawe bose imbere yawe+; kandi ata gukeka nzoguha kugira izina rihambaye+, nk’izina ry’abahambaye bari mw’isi. Imigani 22:1 Bibiliya y’isi nshasha 22 Wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi+; ubutoni buraruta mbere ifeza n’inzahabu+. Umusiguzi 7:1 Bibiliya y’isi nshasha 7 Izina ryiza riraruta amavuta meza+, n’umusi w’ugupfa uraruta umusi w’ukuvuka+.
9 Nzobana nawe aho uzoja hose+, kandi nzorandura abansi bawe bose imbere yawe+; kandi ata gukeka nzoguha kugira izina rihambaye+, nk’izina ry’abahambaye bari mw’isi.