ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 15:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Araza gushika i Lehi, Abafilisitiya na bo biha akaruru karimwo akanyamuneza ntangere bamubonye+. Impwemu ya Yehova+ itangura gukorera kuri we, maze nya migozi yari ku maboko yiwe iba nk’inyuzi z’ilino zibabuwe n’umuriro+, ku buryo ivyari bimuboshe bishonga bikava ku maboko yiwe.

  • 1 Samweli 14:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.”

  • 1 Samweli 19:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga*+ yica Abafilisitiya+, ku buryo Yehova yashikije ubukiriro bukomeye+ ku bwa Isirayeli yose. Warabibonye maze uranezerwa. Kubera iki none wocumura ku maraso y’intungane mu kwicisha+ Dawidi ata co azira+?”

  • 1 Ngoma 11:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo we ahagarara hagati muri nya gice c’itongo, arakirokora maze aguma asasika Abafilisitiya, ku buryo Yehova akirisha+ ubukiriro bukomeye+.

  • Zaburi 144:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Umwe aha ubukiriro abami+,

      Umwe aha Dawidi umusavyi wiwe kwidegemvya akamukiza inkota ikora inabi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika