2 Abasiriya na bo, bari barasohotse ari utugwi tw’abambuzi+, bagira imbohe agakobwa k’Akisirayelikazi+ bagakuye mu gihugu ca Isirayeli, karahava gakorera umugore wa Namani.
23 Nuko abatereka inzimano ikomeye; batangura kurya no kunywa, hanyuma arabarungika, baja ku mukama wabo. Maze twa tugwi tw’abambuzi+ tw’Abasiriya ntitwongera kugaruka na rimwe mu gihugu ca Isirayeli.