2 Nuko Dawidi avuga ati: “Nzogirira ubuntu bwuzuye urukundo+ Hanuni mwene Nahashi, kuko se wiwe yangiriye ubuntu bwuzuye urukundo+.” Dawidi rero atuma intumwa kumuhoza ku bijanye na se wiwe, maze abasuku ba Dawidi bashika mu gihugu ca bene Amoni+, kwa Hanuni kugira ngo bamuhoze.