3 Abantu bari muri co arabasohora, maze abakoresha+ mu gikorwa co kugegenesha amabuye imisumeno n’ico gukoresha ibikoresho bikarishe vy’icuma be n’ico gukoresha amashoka+; ukwo ni ko Dawidi yagirira ibisagara vyose vya bene Amoni. Amaherezo Dawidi n’abantu bose basubira i Yeruzalemu.