ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 10:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ubu rero, ndabinginze, mubabarire+ igicumuro canje iri rimwe gusa, mwinginge+ Yehova Imana yanyu ankureko gusa iki cago cica.”

  • Guharura 21:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Amaherezo abantu baza kuri Musa, bavuga bati: “Twacumuye+, kuko twavuze nabi Yehova na wewe. Takambira Yehova adukureko izi nzoka+.” Nuko Musa aratakamba ku bw’abantu+.

  • Yeremiya 37:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nuko Umwami Zedekiya atuma Yehukali+ mwene Shelemiya na Zefaniya+ mwene Mayaseya+ umuherezi kuri Yeremiya umuhanuzi, ati: “Ndakwinginze udusabire kuri Yehova Imana yacu+.”

  • Ivyakozwe 8:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Simoni yishura ati: “Nimuntakambire kuri Yehova mwebwe+, ntihagire na kimwe mu vyo muvuze kinzako.”

  • Yakobo 5:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika