Zaburi 121:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Raba! Ntazohunyiza canke ngo asinzire+,Umwe arinda Isirayeli+. Zaburi 135:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Amatwi birafise, mugabo nta co bishobora gutega ugutwi+.Kandi nta mpwemu iri mu kanwa kavyo+. Yesaya 40:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Mbega nta vyo wamenye, canke nta vyo wumvise+? Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero+. Ntaruha canke ngo arambirwe+. Ugutegera kwiwe ntiguserangurwa+.
28 Mbega nta vyo wamenye, canke nta vyo wumvise+? Yehova, wa Muremyi w’impera z’isi, ni Imana gushika igihe kitagira urugero+. Ntaruha canke ngo arambirwe+. Ugutegera kwiwe ntiguserangurwa+.