30 Nuko Yehova abwira Yehu ati: “Ko wagize neza mu gukora ibigororotse mu maso yanje+, ukagirira inzu ya Ahabu nk’uko ivyari mu mutima wanje vyose vyari+, abahungu bawe, gushika kw’iyaruka rigira kane, bazokwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli ku bwawe+.”