-
2 Ngoma 14:2Bibiliya y’isi nshasha
-
-
2 Maze Asa atangura gukora ivyari vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yiwe.
-
-
2 Ngoma 14:11Bibiliya y’isi nshasha
-
-
11 Asa atangura rero kwambaza Yehova Imana yiwe+ ati: “Ewe Yehova, ku bijanye no gutabara, nturaba ngo hari abantu benshi canke ngo hari abadafise inkomezi+. Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije+, kandi mw’izina ryawe+ ni ho tuje kurwanya iri sinzi. Ewe Yehova, uri Imana yacu+. Umuntu buntu* ntakurushe inkomezi+.”
-
-
2 Ngoma 15:8Bibiliya y’isi nshasha
-
-
8 Asa akimara kwumva ayo majambo n’ubuhanuzi bwa Odedi+ umuhanuzi, agira umutima rugabo maze atangura kuzimanganya ibintu bisesemye+ mu gihugu cose ca Yuda n’ica Benyamini no mu bisagara yari yarafashe mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, asanura n’igicaniro ca Yehova cari imbere y’ibaraza rya Yehova+.
-