8 Aya ni yo mazina y’abagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi: Yoshebu-bashebeti+ Umutahakimoni, umukuru wa bamwe batatu. Yari abanguriye icumu ku bantu amajana umunani biciwe icarimwe.
10 Aba rero ni bo bakuru ba ba bagabo b’abanyenkomezi+ bari aba Dawidi, bamushigikiye rwose mu ngoma yiwe bari kumwe na Isirayeli yose, kugira ngo bamugire umwami nk’uko ijambo rya Yehova+ ryari ku vyerekeye Isirayeli.