1 Abami 6:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Vyongeye, abandanya kwubaka iyo nzu kugira ngo ayirangize+, yongera apfukisha iyo nzu ibigiga n’imisitari y’ibiti vy’amasederi+. 1 Abami 6:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Ico cumba c’ahitereye cari gifise uburebure bw’amatambwe mirongo ibiri, ubwaguke bw’amatambwe mirongo ibiri+, amahagarara yaco na yo akaba amatambwe mirongo ibiri; nuko atangura kugihomekako inzahabu itavanze+, no guhomeka ku gicaniro+ isederi. 2 Ngoma 2:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Undungikire ibiti vy’amasederi+, n’umuberoshi+ na alugumu+ vy’i Libani+, kuko jewe nzi neza yuko abasuku bawe bazi utuntu n’utundi mu vy’ukwicira ibiti vy’i Libani+, (kandi ehe abasuku banje bari kumwe n’abasuku bawe,) Zaburi 104:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ibiti vya Yehova birahaga,Amasederi y’i Libani yateragiye+,
9 Vyongeye, abandanya kwubaka iyo nzu kugira ngo ayirangize+, yongera apfukisha iyo nzu ibigiga n’imisitari y’ibiti vy’amasederi+.
20 Ico cumba c’ahitereye cari gifise uburebure bw’amatambwe mirongo ibiri, ubwaguke bw’amatambwe mirongo ibiri+, amahagarara yaco na yo akaba amatambwe mirongo ibiri; nuko atangura kugihomekako inzahabu itavanze+, no guhomeka ku gicaniro+ isederi.
8 Undungikire ibiti vy’amasederi+, n’umuberoshi+ na alugumu+ vy’i Libani+, kuko jewe nzi neza yuko abasuku bawe bazi utuntu n’utundi mu vy’ukwicira ibiti vy’i Libani+, (kandi ehe abasuku banje bari kumwe n’abasuku bawe,)