2 Samweli 20:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Adoramu+ yagaba abagenewe ibikorwa vy’agahato; Yehoshafati+ mwene Ahiludi akaba umukarani. 1 Abami 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ahishari yagaba urugo, Adoniramu+ mwene Abuda na we akagaba abagenewe ibikorwa vy’agahato+.