9 Kuko amazinga azoguma anyizigiye+, n’imeri z’i Tarushishi+ nyene nko mu ntango, kugira ngo abana bawe bazanwe bakuwe kure+, ifeza zabo n’inzahabu zabo biri kumwe na bo+, baze bagana izina+ rya Yehova Imana yawe, bagana n’Umweranda wa Isirayeli+, kuko azoba yagusharije+.