14 “Ubu rero nimutinye Yehova+ mwongere mumukorere ata mahinyu no mu kuri+, kandi mukureho imana ba sogokuruza banyu bakorera hakurya ya rwa Ruzi no mu Misiri+, maze mukorere Yehova.
2 baca begera Zerubabeli+ n’abakuru+ b’amazu ya ba sekuru, bababwira bati: “Dufadikanye namwe kwubaka+; kuko turondera Imana yanyu+ cokimwe namwe, kandi turayishikanira ibimazi kuva mu misi ya Esari-hadoni+ umwami wa Ashuri, uwatuzanye ng’aha+.”