22 Gutyo Yehova akiza Hezekiya n’ababa i Yeruzalemu abakuye mu kuboko kwa Senakeribu umwami wa Ashuri+ no mu kuboko kw’abandi bose, hanyuma abaha akaruhuko impande zose+.
20 Kuri uwo musi, abazoba basigaye ba Isirayeli+ be n’abacitse kw’icumu b’inzu ya Yakobo ntibazokwongera kwishimikiza uwubakubita+, ariko bazokwishimikiza Yehova, wa Mweranda wa Isirayeli+, mu kuri+.