23 Nayo Ahitofeli, abona ko impanuro yiwe itari yakurikijwe+, maze ashira itandiko ku ndogobwa hanyuma arahaguruka, aja ku nzu yiwe mu gisagara ciwe+. Maze aha amategeko urugo rwiwe+ araheza ariniga+ maze arapfa+. Nuko ahambwa+ mw’itongo ryo guhambamwo rya ba sekuruza.