63 “Kandi nk’uko nyene Yehova yahimbawe no kubakorera ivyiza no kubagwiza+, ni ko Yehova azohimbarwa no kubarandura no kubazimanganya+; muzorandurwa ku butaka mugiye kwigarurira+.
11 Abo muri Isirayeli bose barahonyanze itegeko ryawe; twarakebeje mu kutagamburukira ijwi ryawe+, bituma udusukako wa muvumo na ya ndahiro+ yanditswe mw’itegeko rya Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri, kuko twayicumuyeko.