5 Kandi umuntu umwe yitwa Namani+, umukuru w’ingabo z’umwami wa Siriya, yari yarabaye umugabo ahambaye imbere y’umukama wiwe akaba kandi yarubahwa, kuko Yehova yari yahaye ubukiriro Siriya biciye kuri we+; uwo mugabo yari yarerekanye yuko ari intwari n’umunyenkomezi, naho yari umunyamibembe.