Gusubira mu vyagezwe 10:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Ubu none ga Isirayeli, hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba+ atari ugutinya+ Yehova Imana yawe, kugira ngo ugendere mu nzira ziwe zose+ no kugira ngo umukunde+, wongere ukorere Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+, 1 Abami 2:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’ Zaburi 78:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Ntibagumije isezerano ry’Imana+,Banse kugendera mw’itegeko ryayo+. Imigani 4:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa+, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima+. Hoseya 1:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Maze Yehova amubwira ati: “Mwite Yezireyeli+, kuko hasigaye igihe gito nkagira ico mbaza koko inzu ya Yehu+ kubera ibikorwa vy’ugusesa amaraso vya Yezireyeli, kandi nzozimanganya ingoma y’inzu ya Isirayeli+. Abaheburayo 10:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 “Mugabo umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera+,” kandi, “asubiye inyuma, umutima* wanje ntuhimbarwa na we+.”
12 “Ubu none ga Isirayeli, hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba+ atari ugutinya+ Yehova Imana yawe, kugira ngo ugendere mu nzira ziwe zose+ no kugira ngo umukunde+, wongere ukorere Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+,
4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’
23 Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa+, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima+.
4 Maze Yehova amubwira ati: “Mwite Yezireyeli+, kuko hasigaye igihe gito nkagira ico mbaza koko inzu ya Yehu+ kubera ibikorwa vy’ugusesa amaraso vya Yezireyeli, kandi nzozimanganya ingoma y’inzu ya Isirayeli+.
38 “Mugabo umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera+,” kandi, “asubiye inyuma, umutima* wanje ntuhimbarwa na we+.”