ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 10:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Ubu none ga Isirayeli, hari ikindi Yehova Imana yawe agusaba+ atari ugutinya+ Yehova Imana yawe, kugira ngo ugendere mu nzira ziwe zose+ no kugira ngo umukunde+, wongere ukorere Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose+,

  • 1 Abami 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’

  • Zaburi 78:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Ntibagumije isezerano ry’Imana+,

      Banse kugendera mw’itegeko ryayo+.

  • Imigani 4:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Zigama umutima wawe kuruta ikindi cose kibwirizwa kurindwa+, kuko ari wo uvamwo amasôko y’ubuzima+.

  • Hoseya 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Maze Yehova amubwira ati: “Mwite Yezireyeli+, kuko hasigaye igihe gito nkagira ico mbaza koko inzu ya Yehu+ kubera ibikorwa vy’ugusesa amaraso vya Yezireyeli, kandi nzozimanganya ingoma y’inzu ya Isirayeli+.

  • Abaheburayo 10:38
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 38 “Mugabo umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera+,” kandi, “asubiye inyuma, umutima* wanje ntuhimbarwa na we+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika