25 mu marembo y’iki gisagara hazokwinjirana rero abami kumwe n’abaganwa+, baze baricara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi+, bagendera mu mukogote no ku mafarasi, bo n’abaganwa babo, abagabo ba Yuda n’ababa i Yeruzalemu; kandi iki gisagara kizobamwo koko abantu gushika igihe kitagira urugero.