18 Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kuri Amaziya umwami wa Yuda+ ati: “Icatsi c’amahwa cari muri Libani catumye kw’isederi ryari muri Libani+ giti: ‘Nuhe umukobwa wawe umuhungu wanje amubere umugore+.’ Ariko igikoko co mw’ishamba+ cari muri Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa.