25 Maze baricara kugira barye umukate+. Bararamuye amaso bakihweza, babona umugwi w’ingenzi w’Abishimayeli+ wariko uraza uvuye i Gileyadi, kandi ingamiya zabo zari zitwaye ibirirarira bimota neza vy’ibimera, n’umusomozo be n’ibishishwa vy’uburembo+; bari ku nzira babimanukanye mu Misiri.