ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Samweli 7:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Imisi yawe niyakwira+, maze ukabwirizwa kuryama hamwe na ba sogokuruza bawe+, emwe, nzohagurutsa rero uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe, uruzova imbere muri wewe; kandi nzoshimangira koko ubwami bwiwe+.

  • 1 Abami 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 kugira ngo Yehova ashitse ijambo ryiwe, iryo yavuze ku binyerekeye+ ati: ‘Abana bawe+ nibitwararika inzira yabo mu kugendera+ imbere yanje mu kuri+, n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose, ntihazobura umugabo wo mu bawe yicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’

  • 1 Abami 9:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 nanje rero nzoshinga koko intebe y’ubwami bwawe kuri Isirayeli gushika igihe kitagira urugero, nk’uko nyene nasezeraniye Dawidi so nti: ‘Ntihazobura umugabo mu bawe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.’

  • 2 Ngoma 6:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 None rero, ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nugumye ku bijanye n’umusavyi wawe Dawidi dawe ivyo wamusezeraniye uti: ‘Imbere yanje ntihazobura umugabo wo mu bawe wo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+, abahungu bawe nibakira gusa+ kwitwararika inzira yabo mu kugendera mw’itegeko ryanje+, nk’uko wagendeye imbere yanje+.’

  • 2 Ngoma 7:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 nanje rero nzoshinga intebe y’ubwami y’ingoma yawe+, nk’uko nasezeranye na Dawidi so+, nti: ‘Ntihazobura umugabo mu bawe wo kuganza Isirayeli+.’

  • 2 Ngoma 21:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya inzu ya Dawidi+, kubera isezerano+ yari yaragiranye na Dawidi, nk’uko kandi yari yaravuze ko we n’abahungu biwe yobahaye+ itara nantaryo+.

  • Zaburi 89:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Kandi ata gukeka nzoshinga uruvyaro rwiwe ibihe bidahera+,

      Intebe yiwe y’ubwami na yo ndayishinge nk’imisi y’ijuru+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika