11 Hanyuma bene wabo bose na bashikiwe bose n’abari bamuzi bose baguma baza+, batangura gusangira na we umukate+ mu nzu yiwe no gusangira na we umubabaro no kumuhoza ku vyago vyose Yehova yari yaretse bikamuzako; umwe wese amuha ihera, kandi umwe wese amuha impeta y’inzahabu.