2 Nuko Yehu+ mwene Hanani+ umubonyi+ arasohoka aja imbere yiwe, abwira Umwami Yehoshafati ati: “Mbega umubisha ni we yari akwiye gutabarwa+? Abanka+ Yehova ni bo ukwiye gukunda+? Ku bw’ico Yehova arakurakariye+.
34 Nayo ibisigaye mu vya Yehoshafati, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu majambo ya Yehu+ mwene Hanani+, ayasobetswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli.