5Hanyuma Musa ahamagara Isirayeli yose+, ababwira ati: “Niwumve, ewe Isirayeli, ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane+ ndiko mvugira mu matwi yanyu uno musi, kandi mutegerezwa kuziga no kuba maso mukazishitsa+.
28“Kandi niwumviriza koko ijwi rya Yehova Imana yawe mu kuba maso ugashitsa amabwirizwa yiwe yose ndagutegetse uno musi+, Yehova Imana yawe rero ntazobura kugushira hejuru y’ayandi mahanga yo kw’isi+.