33 Kandi imihana irundanye yose ibikukira yari irya n’ino y’ivyo bisagara yashika i Bayali+. Aho ni ho baba kandi ni ho bandikirwa hisunzwe amamuko y’imiryango yabo.
9Nuko Abisirayeli bose bandikwa hakurikijwe amamuko+; kandi ehe banditswe mu Gitabu c’Abami ba Isirayeli. Yuda na yo itwarwa mu bwangaro+ i Babiloni kubera ubuhemu bwayo.