ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 12:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Yehova abonekera Aburamu maze avuga ati: “Uruvyaro* rwawe+ ngiye kuruha iki gihugu+.” Inyuma y’ivyo ahubakira igicaniro Yehova, uwari yamubonekeye.

  • Itanguriro 15:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:

  • Itanguriro 17:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nzoguha mwe n’uruvyaro rwawe mu nyuma zawe igihugu wabayemwo uri kavamahanga+, egome igihugu cose ca Kanani, ngo kikubere itongo wigabira gushika igihe kitagira urugero; kandi nzokwerekana ko ndi Imana kuri bo+.”

  • Itanguriro 26:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Nube muri iki gihugu uri kavamahanga+, nanje nzogumana nawe nteko nguhezagire, kuko wewe n’uruvyaro rwawe nzobaha ibi bihugu vyose+, kandi nzoshitsa indahiro narahiye Aburahamu so+;

  • Gusubira mu vyagezwe 9:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Kuba uriko winjira kwigarurira igihugu cabo si ku bw’ubugororotsi+ bwawe canke ukugororoka kw’umutima wawe+. Nkako, ububisha bw’aya mahanga ni bwo butumye Yehova Imana yawe ayirukana akava imbere yawe+, ku bwo gushitsa ijambo Yehova yarahiye ba sogokuruza bawe, Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika