22 Abari baratowe bose ngo babe abarinzi b’amarembo ku minjiriro bari amajana abiri na cumi na babiri. Baba mu mihana irundanye+ yabo bakurikije iyandikwa ryabo rifatiye ku mamuko+. Abo ni bo Dawidi+ na Samweli rubonyi+ bari barashize mw’ibanga ry’ubwizigirwa ryabo+.
27 Barara bakikije inzu y’Imana y’ukuri; kuko bari bashinzwe igikorwa c’uburinzi+, kandi ni bo bari bajejwe urupfunguruzo, egome, kugira ngo baze barugurura uko bukeye+.