14 Ikindi kandi: Kuva umusi yanshinga kuba buramatari+ wabo mu gihugu ca Yuda, kuva ku mwaka ugira mirongo ibiri+ gushika ku mwaka ugira mirongo itatu na kabiri+ wa Aritazeruzi+ umwami, uko ari imyaka cumi n’ibiri, jewe na bene wacu ntitwariye umukate ugenewe buramatari+.