Abalewi 19:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ntukagunge mugenzawe+, kandi ntukambure+ ivy’abandi. Impembo y’umucangero ntuze uyirarane gushika mu gitondo+. Gusubira mu vyagezwe 24:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ukwiye kumuha impembo yiwe ku musi wiwe+, kandi izuba ntirikwiye kurenga utarayimuha, kuko ari mu ngorane kandi ku mpembo yiwe akaba ari ho yeza umutima, ntahave aririra Yehova akurega+, maze bikakubera igicumuro+.
13 Ntukagunge mugenzawe+, kandi ntukambure+ ivy’abandi. Impembo y’umucangero ntuze uyirarane gushika mu gitondo+.
15 Ukwiye kumuha impembo yiwe ku musi wiwe+, kandi izuba ntirikwiye kurenga utarayimuha, kuko ari mu ngorane kandi ku mpembo yiwe akaba ari ho yeza umutima, ntahave aririra Yehova akurega+, maze bikakubera igicumuro+.