ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yobu 27:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Umwanya impemu zanje zikiri zose muri jewe,

      N’impwemu y’Imana ikaba iri mu mazuru yanje+,

  • Zaburi 104:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Uhishije mu maso hawe, bihagarika umutima+.

      Utwaye impwemu yavyo, biracikana+,

      Bigasubira mu mukungugu wavyo+.

  • Umusiguzi 12:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Maze umukungugu usubira mw’ivu+ nk’uko wari, impwemu+ na yo igasubira ku Mana y’ukuri+ yayitanze+.

  • Yesaya 42:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ibi ni vyo Imana y’ukuri, Yehova, ivuze, Umuremyi w’amajuru+ akaba n’Umwe ahambaye ayaramvura+, Umwe asasa isi+ n’umwimbu wayo+, Umwe aha impemu+ abantu bo kuri yo+, agaha n’impwemu abagendagenda kuri yo+:

  • Ivyakozwe 17:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 eka mbere ntikorerwa n’amaboko y’abantu nk’aho yoba igira ico ikenera+, kuko ubwayo ari yo iha abantu bose ubuzima+ n’impemu+ n’ibintu vyose.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika