1 Samweli 17:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Maze Dawidi yongerako ati: “Yehova, we yandokoye mu vyara vy’intambwe no mu vyara vy’idubu, ni we aza kundokora mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya+.” Sauli aca abwira Dawidi ati: “Genda, Yehova ubwiwe abane nawe+.” Zaburi 46:1 Bibiliya y’isi nshasha 46 Imana ni ubuhungiro n’inkomezi vyacu+,Ikaba n’imfashanyo yoroshe kuronka mu gihe c’amarushwa+. Zaburi 54:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Raba! Imana ni yo mufasha wanje+;Yehova ari mu bashigikiye ubuzima bwanje.
37 Maze Dawidi yongerako ati: “Yehova, we yandokoye mu vyara vy’intambwe no mu vyara vy’idubu, ni we aza kundokora mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya+.” Sauli aca abwira Dawidi ati: “Genda, Yehova ubwiwe abane nawe+.”