Zaburi 25:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Azotuma abatekereza bagendera mu ngingo yiwe y’ubutungane+,Kandi abatekereza azobigisha inzira yiwe+. Zaburi 32:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo+.Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe+. Zaburi 37:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Intambuko z’umuntu w’umugabo zateguwe na Yehova+,Kandi Imana irahimbarwa n’inzira yiwe+. Zaburi 143:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nyigisha gukora ukugomba kwawe+,Kuko uri Imana yanje+.Impwemu yawe ni nziza+;Ninyobore mu gihugu c’ukugororoka+. Imigani 3:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mu nzira zawe zose umwibuke+, na we azogorora iminyuro yawe+. Yesaya 58:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Ico gihe umuco wawe woseruka nk’umutwenzi+; ugusubirana kwawe kwonaga ningoga+. Kandi ubugororotsi bwawe bwogendera imbere yawe+; ubuninahazwa bwa Yehova ni bwo bwokubera abacunzi b’inyuma+.
9 Azotuma abatekereza bagendera mu ngingo yiwe y’ubutungane+,Kandi abatekereza azobigisha inzira yiwe+.
8 “Nzotuma ugira ugutahura kwimbitse nongere nkwigishe inzira ukwiye gucamwo+.Nzokugīra inama ijisho ryanje riri kuri wewe+.
10 Nyigisha gukora ukugomba kwawe+,Kuko uri Imana yanje+.Impwemu yawe ni nziza+;Ninyobore mu gihugu c’ukugororoka+.
8 “Ico gihe umuco wawe woseruka nk’umutwenzi+; ugusubirana kwawe kwonaga ningoga+. Kandi ubugororotsi bwawe bwogendera imbere yawe+; ubuninahazwa bwa Yehova ni bwo bwokubera abacunzi b’inyuma+.