17 Kubera iki ga Yehova, uguma utwangariza kure y’inzira zawe? Kubera iki ukomantaza umutima wacu ngo ntugutinye+? Nugaruke ku bw’abasavyi bawe, ku bw’imiryango y’intoranwa yawe+.
7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza banyu, mwarakebeje muva ku ngingo nyobozi zanje, ntimwazigumya+. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako+,” ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.