32Muri uwo mwanya abantu babona ko Musa yari atevye kumanuka ava ku musozi+. Nuko bakoranira iruhande ya Aroni, bamubwira bati: “Haguruka, uduhingurire imana izotuja imbere+, kuko uyo Musa, wa mugabo yatudugana adukuye mu gihugu ca Misiri+, tutazi vy’ukuri ivyamushikiye.”