Yobu 14:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Asokoroka nk’ishurwe agacibwa+,Agahunga nk’igitutu+ ntabandanye kubaho. Zaburi 39:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Raba! Imisi yanje wayigize imparurwa+;Ikiringo ubuzima bwanje bumara ni nk’ubusa imbere yawe+.Ni ukuri, umuntu wese yakuwe mw’ivu naho ahagarara ashikamye, nta kindi ari atari impemu zisohotse+. Sela. Zaburi 109:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Nk’igitutu iyo kiyonze, mbwirizwa kwigira+;Nkunkumuwe nk’uruzige. Zaburi 144:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umuntu ubwiwe ameze nk’impemu nsa zisohotse+;Imisi yiwe ni nk’igitutu gihita+. Yakobo 4:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo+. Kuko muri igipfungu kiboneka akanya gato maze kikazimangana+.
5 Raba! Imisi yanje wayigize imparurwa+;Ikiringo ubuzima bwanje bumara ni nk’ubusa imbere yawe+.Ni ukuri, umuntu wese yakuwe mw’ivu naho ahagarara ashikamye, nta kindi ari atari impemu zisohotse+. Sela.
14 kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzomera ejo+. Kuko muri igipfungu kiboneka akanya gato maze kikazimangana+.