Itanguriro 17:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nzoguha mwe n’uruvyaro rwawe mu nyuma zawe igihugu wabayemwo uri kavamahanga+, egome igihugu cose ca Kanani, ngo kikubere itongo wigabira gushika igihe kitagira urugero; kandi nzokwerekana ko ndi Imana kuri bo+.” Itanguriro 23:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 “Ndi kavamahanga n’inyambukira muri mwebwe+. Nimumpe iwanyu itongo ryo guhambamwo nigabira kugira mpambe umupfu wanje ave mu maso yanje+.” Ivyakozwe 7:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Yamara nta tongo ry’intoranwa yamuhaye muri co, oya, habe n’ahangana n’ubwaguke bw’ikirenge+; mugabo yasezeranye kukimuha ngo kimubere inyegu+, kandi hanyuma yiwe gihabwe uruvyaro rwiwe+, kandi ata mwana yari bwagire+. Abaheburayo 11:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kubera ukwizera, yabayeho ari kavamahanga mu gihugu yahaweko umuhango nko mu gihugu co mu mahanga+, abana mu mahema+ na Izahaki+ na Yakobo+, abasangiye na we kuba ba samuragwa ba nya muhango nyene+.
8 Nzoguha mwe n’uruvyaro rwawe mu nyuma zawe igihugu wabayemwo uri kavamahanga+, egome igihugu cose ca Kanani, ngo kikubere itongo wigabira gushika igihe kitagira urugero; kandi nzokwerekana ko ndi Imana kuri bo+.”
4 “Ndi kavamahanga n’inyambukira muri mwebwe+. Nimumpe iwanyu itongo ryo guhambamwo nigabira kugira mpambe umupfu wanje ave mu maso yanje+.”
5 Yamara nta tongo ry’intoranwa yamuhaye muri co, oya, habe n’ahangana n’ubwaguke bw’ikirenge+; mugabo yasezeranye kukimuha ngo kimubere inyegu+, kandi hanyuma yiwe gihabwe uruvyaro rwiwe+, kandi ata mwana yari bwagire+.
9 Kubera ukwizera, yabayeho ari kavamahanga mu gihugu yahaweko umuhango nko mu gihugu co mu mahanga+, abana mu mahema+ na Izahaki+ na Yakobo+, abasangiye na we kuba ba samuragwa ba nya muhango nyene+.