Gusubira mu vyagezwe 4:1 Bibiliya y’isi nshasha 4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe. Zaburi 119:135 Bibiliya y’isi nshasha 135 Nutume mu maso hawe hakayanganira ku musavyi wawe+,Kandi unyigishe ingingo nyobozi zawe+. Yeremiya 32:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Hanyuma ntora nya cete c’ubuguzi, icari cadomweko ikidodo hisunzwe ibwirizwa n’ingingo nyobozi+, n’icari cagumye cuguruye;
4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe.
11 Hanyuma ntora nya cete c’ubuguzi, icari cadomweko ikidodo hisunzwe ibwirizwa n’ingingo nyobozi+, n’icari cagumye cuguruye;