ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 24:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Yewe dawe+, raba, ni ukuri raba mu kuboko kwanje igice co hepfo c’umwitero utagira amaboko wawe, kuko igihe nagicacura ntakwishe. Umenye kandi ubone yuko ata bubi+ canke umugararizo ngufiseko, kandi ko ntagucumuyeko, naho wewe uriko urabundira ubuzima bwanje ngo ubukureho+.

  • 2 Samweli 8:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nuko Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+; kandi Dawidi aguma ashitsa ingingo y’ubutungane* be n’ubugororotsi+ ku bw’abantu biwe bose+.

  • Mika 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?

  • 2 Abakorinto 1:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Kuko iki ari co twirata, ari na co ijwi ryacu ryo mu mutima rishingira intahe+: ni uko mw’isi, ariko na canecane kuri mwebwe, twagendeye mu bweranda no mu kutagira uburyarya gushimwa n’Imana, atari mu bukerebutsi bw’umubiri+, ahubwo mu buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika