Zaburi 85:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Wahariye ikosa ry’abantu bawe+;Wapfutse igicumuro cabo cose+. Sela. Yesaya 1:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 “Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu,” ni ko Yehova avuga+. “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere*+; naho vyoba bitukura nk’impuzu y’ibara ry’umutukutuku rihinze, bizocika nk’ubwoya bwera derere. Ivyakozwe 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “Nimwigaye+ rero, muhindukire+ kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa+ bibone kuza bivuye imbere ya Yehova Abaroma 4:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Hahiriwe abo ibikorwa vyabo vy’ubugarariji bihariwe+, n’ibicumuro vyabo bigapfukwa+;
18 “Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu,” ni ko Yehova avuga+. “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere*+; naho vyoba bitukura nk’impuzu y’ibara ry’umutukutuku rihinze, bizocika nk’ubwoya bwera derere.
19 “Nimwigaye+ rero, muhindukire+ kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe+, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa+ bibone kuza bivuye imbere ya Yehova