Zaburi 34:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe+;Hahiriwe umuntu w’umugabo ahungira muri we+. Imigani 16:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uwerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse mu kintu, azoronka ivyiza+, kandi hahiriwe uwizigira Yehova+. Yeremiya 17:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Arahezagiwe umuntu w’umugabo yizigira Yehova, Yehova akaba ari umwizero wiwe+.
20 Uwerekana ko ari n’ugutahura kwimbitse mu kintu, azoronka ivyiza+, kandi hahiriwe uwizigira Yehova+.